CINU Bujumbura Centre d'information des Nations Unies
SG's message on International Youth Day in Kirundi Version imprimable Suggérer par mail
12-08-2007

ISHIRAHAMWE  MPUZAMAKUNGU

Umunyamabanga Mukuru

Ijambo ry’Umunyamabanga Mukuru

ku Musi Mpuzamakungu wagenewe Urwaruka

 

Ku wa 12 Myandagaro 2007

Umusi Mpuzamakungu wagenewe Urwaruka, ni akaryo turonka ku mwaka ku mwaka ko gutera iteka urwaruka rwo kw’isi yose, rushika ku 1,200.000.000, tukaronka akaryo ko kwigina ivyo rwaranguye tukanarufasha gushikana ibikorwa vyarwo mu bindi bisata.

 Muri uno mwaka, Umusi Mpuzamakungu wagenewe urwaruka, watoye icivugo gikurikira : «Babonwe, bumvirizwe: ibikorwa vy’urwaruka mw’iterambere»; utumbereye intererano ihambaye urwaruka - abahungu n’abigeme - rushobora kwunguza ubuzima bw’igihugu, n’iyo rumaze gushikako. Uyo mugwi ni uw’ingirakamaro, kandi ni intahara mu migambi yo gushikira Intumbero z’Ikinyagihumbi mu vyerekeye iterambere, na canecane intumbero nyamukuru ari yo yo kugabanura gushika ku ca kabiri ibitigiri vy’urugero rw’ubu  mu bukene n’inzara gushika mu mwaka wa 2015. N’ubu rurabandanya ruri imbere mu migambi yo kurwanya indwara ya SIDA. Kandi rero, ruterera uburyo bushasha kandi burimwo ubuhinga mu gutorera umuti amananiza y’iterambere yari amaze imyaka n’iyindi.

Turageze hagati na hagati y’igihe twihaye co kurangura imigambi twiyemeje yo gushikira Intumbero z’Ikinyagihumbi mu vyerekeye iterambere; ubu rero ndetse tuje twakenera urwaruka bimwe nyavyo. Rusanganywe ubwira be n’umutima wo gutumbera ibinonosoye, ivyo bigashobora kuzodufasha kwiriha aho twacerewe kandi tugashikira imigambi yose twigeneye mu vyerekeye iterambere kandi ku gihe.

Ku bituraba, natwe hari ivyo urwaruka ruduhanzeko amaso, kandi dutegerezwa kubirangura. Tubicishije mu Mugambi w’Ibikorwa bigenewe urwaruka kw’Isi yose, Amareta yarasabwe ko na ntaryo urwaruka rwoserukirwa mw’iringanizwa ry’imigambi ntunganyantwaro yose irwerekeye. Yarasabwe no kwongereza uburyo bw’amafaranga, ubw’inyigisho n’ubw’ubuhinga busanzwe bugenewe urwaruka, no kurufasha kwiteza imbere mu buryo rubayeyo.

Ego ni ko, abantu baguma barushiriza mu gutahura ivyo urwaruka rukeneye, ariko hari uturere tutari duke kw’isi urwaruka rubandanya rukumirwa ntihagire uwitaho ingorane zarwo. Ni  kenshi ingorane zarwo zibagirwa kandi zitari nke, kuko muri bo ari ho hakunda kubonekamwo ubukene bunyomoje be n’ingorane zo kutagira akazi. Uko ni ko urwaruka rubangamiwe n’ukubura akazi ku rugero rw’incuro zitatu kurusha abakuze. Mu gihe kw’isi yose urwaruka rukwiza ica kane c’abari mu rugero rwo gukora, ni rwo rugize ica kabiri c’abakozi batagira akazi.

Harageze ko tudasubira kubona ko urwaruka ari ingorane, ahubwo turondere ingene twifashisha ubushobozi n’umwizero biri muri rwo. Kuri uyu Musi Mpuzamakugu wagenewe Urwaruka, dufate icemezo c’ukubungabunga iryo tunga ntangere duteko turikingire. Turonse urwaruka rw’abahungu n’abakobwa ikibanza kiboneka mu rugero rw’imibano yacu no mu rw’ivyiza tumaze  gushikira. Tubahe ikibanza bakwiye.

 
< Précédent   Suivant >